IVYA YESU TV

IVYA YESU TV

Share

Contact information, map and directions, contact form, opening hours, services, ratings, photos, videos and announcements from IVYA YESU TV, Kiserian, Bujumbura.

✍️ Icivugo cacu IVYA YESU TV: Ijambo rya Kristo ribe muri mwebge rigwiriye, ririmw' ubgenge bgose: mwigishanye, muhanurane, muririmba zaburi n'indirimbo n'amatazirano y'ivya Mpwemu, muririmbire Imana mu mitima yanyu mubiheshwa n'ubuntu bgayo✋.

10/09/2026

Barira Abantu b'Imana bambare neza kuko Mugihe tutazi Shebuja araza...✍️

10/09/2026

🎹Har' igihugu ciza cane,
Twasezeraniwe n'Imana;
Tukirorere twizigiye,
Kuko Data yakitweretse.

Aheza mw ijuru,
Tuzohurirayo bagenzi,
Aheza mw ijuru,
Tuzohurirayo bagenzi.

Tuzoririmbira mw ijuru
Indirimbo z'abahiriwe.
Ntituzongera kubabara,
Tuzoba dushiz' amarira.

Tuzoshimira Data cane
Imbabazi yatugiriye,
N'ubuntu bgiwe n'urukundo
N'imigisha yacuncubuye.

10/09/2026

: 🌴 Iyo tuvuze AKAMEREMERE ni ibikorwa vyako bigaragarira mu ngeso.

🔥 Rero tuvuze kukabamba ni intambara umuntu w' Imana agira kugira ngo ahinduke ku ngeso:

🪴 "Kand' aba Kristo Yesu babambanye akameremere kabo n'ivyo gahahamiye n'ivyo kifuza." (Ab'i Galatiya 5:24)

🤔 Ni gute umuntu zshibora kubamba kamere : 👇

1. Kuronka Mpwemu Yera ugashikanwa ku rugezo rwo kugendeshwa nawe: "Ndavuga nti Mugendeshwe na Mpwemu, ni ho mutazosh*tsa ivy' akameremere kanyu kipfuza." Ab'i Galatiya 5:16.
2. Kwisonzesha
3. Gusoma ijambo ry'Imana
4. Gusenga

💪 Urashikanwa ku rugezo wumva ivyo gahahamiye nivyo kipfuza wabitsinze mvuze ivyo muri vyinshi.

🙇 Kubamba kamere mu ncamake ni kubamba ingeso zako iyo wegereye Imana urumva ko ivyo gahahamiye n' ivyo kipfuza umenga vyaheze Ariko ugiye kure y' Imana birarabuka gushasha Imana idufashe cane.

10/09/2026

🔥Kand' abagize ubgenge bazokayangana nk'ugukayangana kwo mw itazanure ry'ijuru, n'abashikanye benshi ku bugororotsi bazokwaka nk'inyenyeri ibihe bitazoshira.
Daniyeli 12:3

10/09/2026

💒Inyigisho yo kumurikirwa n'Imana(Igice ca 5).

11. UKUMURIKIRWA KURATUMA UMUNTU AHINDUKA
Umuco nyakuri ntukwiye kurangirira ku kumenya.
Umuco Imana iguha utegerezwa kuvamwo igikorwa.

Nimba Imana ikweretse:
icaha → ihane.
inzika → harira.
umuntu ukeneye ubufasha → mutabare, ubishoboye.
ikosa wakoze → risabe imbabazi.
inzira mbi → va kuri yo.
umuhamagaro → wumvire.
Yakobo 1:22 itubwira kutaba abumva Ijambo gusa, ahubwo tukaba abarishira mu ngiro.

12. UKUMURIKIRWA N’IMANA BISABA KUGUMA HAFI Y’IMANA:

Umuco ntuguma mu muntu ku nguvu ziwe.
Ni ngombwa:

① Gusenga:
Senga usaba Imana ubwenge n’uburongozi.

② Gusoma Bibiliya:
Ijambo ry’Imana ni itara ry’inzira.

③ Kwumvira:
Umuco mwinshi utagira ukumvira ntaco ufasha.

④ Kwihana:
Icaha gikomeye gishobora gutuma umuntu atabona neza mu mpwemu.

⑤ Kwumviriza Mpwemu Yera:
Mpwemu Yera aratuyobora kandi akatwibutsa ukuri kw’Imana.

⑥ Kwihangana:
Hari ibintu Imana idahishura rimwe. Komeza kugendana na yo.

10/09/2026

Amen 🙏

09/09/2026

🔥Abazi Imana yabo bazokomera nibamara gukomera bakore ivyubutwari💯

09/09/2026

Amen💥

09/09/2026

: Satani asezerana ibintu bisa n’ibyiza, ariko amaherezo akagusigira ibibi.

ashobora gutuma umuntu yibwira ko gukora icaha bizomunezereza, ariko inyuma y’ako kanya k’ibinezero hakaza ingaruka mbi.

🟥 Satani ashobora kukubwira ati: Kora ibi, abantu bazokubona nk’umuntu ukomeye.
Ariko amaherezo bishobora kukuzanira isoni n’agasuzuguro.

🟥 Ashobora kuguha iciyumviro c’uko icaha kizokunezereza. Ariko umunezero w’akanya gato ushobora gukurikirwa n’umubabaro mwinshi.

🟥 Ashobora kukwereka inyungu yihuta: amafaranga, ibintu, canke ibindi. Ariko amaherezo ushobora gutakaza ibiruta ivyo wungutse, harimwo amahoro n’imigenderanire yawe n’Imana.

🟥 Iyi ni yo ikomeye cane. Satani ashaka ko umuntu akurikira inzira y’icaha nk’aho ari yo izomuha ubuzima n’umunezero. Ariko Bibiliya ivuga ko icaha kizana urupfu.

🟩 Imana ntisezerana ibintu ngo ibihindure. Ico yasezeranye, iragish*tsa mu gihe cayo.
ubuzima → irabutanga,

amahoro → irayatanga,

imbabazi → iraziduha,

agakiza → iragatanga,

ubugingo budashira → irabusezeranira abizera.

Muri make:
Satani arashobora kuguha ikintu kiryoheye amaso ubu, ariko amaherezo kikakugirira nabi.

Imana ishobora kugusaba kwihangana no kuyizera, ariko ico igusezeranira amaherezo ni ciza kandi kiraramba. Imana ibahezagire

09/09/2026

💯Ni mwaguma muri jewe, amajambo yanje akaguma muri mwebge, musabe ico mugomba cose, kizobabera kuno. YOHANA 15:7

Telephone

Address


Kiserian
Bujumbura

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when IVYA YESU TV posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Subscribe

We will notify you when anything happens in Bujumbura.