Gerard Niyongabo Official

Gerard Niyongabo Official

Share

Together we can

11/10/2024

It is not about how perfect you do it!
It is about how consistence you are.

24/08/2023

Do you want finance freedom?

08/07/2023

Grabbing opportunity

06/07/2023

Ready to empower the world 🇧🇮🇧🇮💃💃💃🇿🇲🇿🇲🎤🎤🎤

03/06/2023

Reka turabe abibuka kahise kabo😃😃🤫🤫🙋🙋🙋

01/04/2023

: Abantu bapfiriye mu binogo vyimbwamwo inzahabu

Abantu bashika 15 barapfiriye mu binogo vyimbwamwo inzahabu. Iryo bara ryabereye ku mutumba muri zone Butahana muri komine Mabayi yo mu ntara ya ( uburaruko bushira uburengero bw' Uburundi ). Amakuru ava muri iyo komine avuga ko uruzi rwitwa arirwo rwuzuye ruca rurahusha inzira rusesera mu binogp vyimbwamwo inzahabu.

Vyose vyatumwe n' imvura nyishi yaguye mw' ijoro ry' uwu wa gatanu rishira uwa gatandatu. Gushika mu gitondo c' uwu wa gatandatu bari bakigerageza kurondera ibiziga vy' abo bantu ntibari bwabitore. Mu ntwaro muri komine Mabayi baremeza ayo makuru. Bavuga ko igipolisi kijejwe gutabara cavuye i kugira ngo gifashe.

Photos from Gerard Niyongabo Official's post 28/03/2023

Amakuru atangaje : Uburundi bwoba buhaye Guinée Équatoriale amatoni 20 y'umuceri !

Uyu musi inyuma y'umutaga twaronse amakuru avuye ku kibuga c'indege Melchior Ndadaye i Bujumbura avuga ko hari indege ya Guinée Équatoriale ije gupakira amatoni 20 y'umuceri. Tukivyumva twibajije ko ari igihuha kubera tuzi ubukene bw'imfungurwa buri mu Burundi. Twasavye abaduhaye inkuru kudufotorera ivyo bintu.

Mu nyuma twumvise ko amakamyo abiri manini yo mu bwoko bwa Fuso yaje yuzuye imifuko y'umuceri apakirwa ya ndege. Indege yavuye ku kibuga c'indege ca Bujumbura isaha icumi n'iminota 43 (16h43) itwaye wa muceri.

Amafoto twaronse yerekana ko iyo ndege iri mu bwoko bwa Iliouchine ari iy'igisirikare ca Guinée Équatoriale. Ifise imparati 3C-TM06.

Hano twasigaranye akabazo gakomeye : Uburundi bwoba bugabiye Guinée Équatoriale amatoni y'umuceri mu gihe inzara izura inzara mu Burundi, ibiciro vy'ibifungurwa bikaduga ku musi ku musi kubera ubukene bwavyo ?
Hari n'amakuru atanguye gukwiragira ku mbuga avuga ko umupfasoni w'umukuru w'igihugu ariwe yoba ashoye uyo muceri muri Guinea Équatoriale. Ayo makuru nta vyemezo vyayo dufise. Ico bikoze birahambaye ko abategetsi b'Uburundi basigura ivyarivyo mu gihe aribo bambere babuza gutwara umwimbu w'Uburundi hanze.

Ivyo bish*tse mu gihe mu ndwi iheze Uburundi bwaronse imfashanyo y'amatoni 591 y'umuceri bwahawe n'Ubushinwa. Ico gihe Umushikiranganji Imelda Sabushimike yamenyesheje ko iyo mfashanyo igiye gufasha abarundi ba ntahonikora mu gihe ibiciro vy'ibifungurwa bisigaye ari umurengera. None barasaba imfashanyo bakaca bayijana ahandi ?

Umuco urakenewe.

28/03/2023

: komine iramutswa musitanteri mushasha

Scholastique Niyonsavye, aturuka mu mugambwe Cndd-Fdd ni we yatowe n' abajenama ba komine Muhuta yo mu ntara ya Rumonge, kugira ngo arongore iyo komine.

Uwo mukenyezi yatowe ku majwi 26 kuri 43 bitavye amatora. Yahiganywe na Léonie Nsabimana, umunywanyi w' umugambwe CNL yaronse amajwi 17.

Scholastique Niyonsavye asubiriye Domithile Ntunzwenimana. Aheruka guhagarikwa mu mabanga yo kurongora iyo komine, yagirizwa kunyuruza ivyuma vyo kwubaka ishure.
Ku basitanteri batanu bo mu ntara ya Rumonge bagiyeho muri 2020, umwe we nyene wo muri komine ni we atarakurwa. Abandi batatu barakuwe baranaca mw' ibohero rikuru, bagirizwa kwiba ibikoresho bigizwe n' amabati n' isima vyo kwubaka amashure.

Ashikiriza buramatari mushasha wa Rumonge, umukuru w' igihugu Evariste Ndayishimiye yamenyesheje ko abo basitanteri basiguye ko bahenzwe na Consolateur Nitunga, ico gihe yari buramatari imbere y' uko arungikwa kuba umuhanuzi agira kabiri mu buserukizi bw' Uburundi i Kinshasa muri RDC. Akaba yatangaje ko azohamagarwa agashirwa imbere y' ubutungane.

Consolateur Nitunga akaba yamaze gusubirizwa muri ico kibanza. Amakuru ava i avuga ko uwo yahoze ari buramatari wa Rumonge yoba yaramaze gushika mu .

Kurikirana kurino 👇👇👇 https://m.facebook.com/story.php?story_fbid=110277152023201&id=100091227481325&mibextid=Nif5oz

Photos from Gerard Niyongabo Official's post 27/03/2023

KWA NTARE

Umutambukanyi w'umukuru w'Igihugu Angeline_Ndayishimiye yaganutse kuri uyu wa mbere avuye mu gihugu ca Sénégal aho yari yitabiriye inama yo guhanahana ubumenyi mu bijanye n'umugambi wo gufungurira abana ku mashure.
Umutambukanyi w'umukuru w'Igihugu akamenyesha ko urugendo rwagenze neza kandi rwabaye ngira kamaro ku mpande zose, ko babonye uko abanya Sénégal bitunganya mu kurima mu mashirahamwe bagaca bashora ku mashure aho bagaburira abanyeshure ndetse n'ingene bashigikira uwo mugambi.
Akavuga ko n'abashikiranganji bajanye nabo bahuye na bagenzi babo baraganira kubijanye n'ibisata barongoye.
Umutambukanyi w'umukuru w'Igihugu agahamagarira abarundi kugira urunani kugira bashike ku ndoto zo kugaburira abana bose ku mashure, bumve ko abana ari ab'igihugu, uwimbuye aterere muri uwo mugambi kugira naho amashirahamwe mpuza makungu awushigikira yogenda abana bazogume bagaburirwa ku mashure.
Agashimira Reta y'Uburundi yabahaye uruhusha rwo kwitabira iyo nama hamwe n'ishirahamwe mpuza makungu rijejejwe imfungurwa PAM risanzwe rifata mu mugongo umugambi wo gufungurira abana ku mashure.

Want your business to be the top-listed Beauty Salon in Rumonge?
Click here to claim your Sponsored Listing.

Category

Website

Address

Kanyenkoko
Rumonge
RUMONGE RUMONGE