Martin Ndayizeye
Jesus
Dukora kwakundi turiko tubikora. kora follow nawe ndagukorere follow back.
Dufollowingane
01/10/2025
👍💝💬
01/10/2025
06/09/2025
‼️IGIKORANE IGIKORANE MU RUMONGE
Bantu muba mu Rumonge, Murahawe Ikaze mu gikorane c’ubutumwa bwiza no kubohoka categuwe n’ishengero ry’Ukuri guhishuwe (Aletheia Truth Revealed) hamwe n’urunani APAPADEDUBU
kikazobera kuri stade Rumonge ku magenekerezo ya 6 NYAKANGA 2025 [izoba ari kuwa Gatandatu] kuva isaha 8 (14H)...
Tangure ube uratumira incuti n'abagenzi🙌🔥
Kaze cane Imana ibahezagire!
IVYO IMANA ISHAKA !
Muvyiyumviro vy'Imana harimwo ko abantu bose bokizwa nk'uko intumwa Paulo yabivuze ati:
Ivyo ni vyo vyiza vyemerwa mu nyonga z'Imana Umukiza wacu, igomba kw abantu bose bakizwa bagashika ku kumenya ivy' ukuri.
1 Timoteyo 2:3-4
Nico gituma Umwami Yesu yatumwe abamwizera kubwira ubutumwa bwiza abantu bose, aho yavuga ati:
Mugende muje mu bihugu vyose, mubgire abaremwe bose ubutumwa bgiza.
Mariko 16:15
Yabivuze kandi kuko yari abifitiye ububasha kandi asezerana ko azobana natwe muri ico gikorwa :
Yesu arabegera, arababgira, ati Jewe nahawe ububasha bgose mw ijuru no mw isi. Nuko ni mugende, muhindure amahanga yose abigishwa, mubabatiza mw izina rya Data wa twese n'iry' Umwana n'irya Mpwemu Yera; mubigishe kwitondera ivyo nabageze vyose. Umve, ndi kumwe namwe imisi yose, gush*tsa ku muhero w'isi.
Matayo 28:18-20
Kandi iki gikorwa ntikigoye nagato guko Umwami wacu yaravuze ingene inkomezi tuzozironka:
ariko muzohabga ubushobozi, Mpwemu Yera ni yabazako, muzoba ivyabona vyo kunshingira intahe i Yerusalemu, n'i Yudaya hose, n'i Samariya, no gush*tsa ku mpera y'isi.
Ivyakozwe n'intumwa 1:8
Abantu beshi biyumvira ko Yesu yabibwiye barya 12 ariko sivyo guko Mpwemu yera ntiyatanzwe kuri barya 12 gusa ahubwo ni kubantu bizera Bose nk'uko vyari vyaravuzwe ngo:
ati Bizoba mu misi y'iherezo, ni kw Imana yagize,
Nzosuka Mpwemu wanje ku bari n'umubiri bose:
Kand' abahungu n'abakobga banyu bazovugishwa nanje,
N'imisore yanyu izobona ivyo yeretswe,
N'abatama banyu bazorota inzozi.
Mbere n'abagurano banje b'abahungu n'abakobga mur' iyo misi
Nzobasukako Mpwemu wanje, bavugishwe nanje.
Nzoshira utwumiza hejuru mw ijuru,
N'ibimenyetso hasi kw'isi,
Amaraso n'umuriro no gupfunduka kw'umwotsi.
Izuba rizocura umwiza,
N'ukwezi guhinduke amaraso,
Hataraza uwo musi mukuru rurangiranwa w'Uhoraho:
Kand' umuntu wese azokwambaza izina ry'Uhoraho azokizwa.
Ivyakozwe n'intumwa 2:17-21.
Kandi ni ingabire y'Imana ihabwa umuntu wese yihanye aho yoba ari hose canke aho asengera hose bisaba kwihana gusa:
Ni mwihane, umuntu wese muri mwebge abatizwe mw izina rya Yesu Kristo, mubone guharirwa ivyaha vyanyu, kandi muzohabga ingabire, ari yo Mpwemu Yera.
Ivyakozwe n'intumwa 2:38
Bantu b'Imana kandi bakunzi banje, iyi 2023 turagomba ko tumenya ico Imana itugombako tugikore tureke kuba imburakimazi guko mw'ijuru hazohembwa ababikoreye.
Maz' ico gihe Mikayeli azohaguruka, ni we mugabisha ahagarikiye ubgoko bganyu; kandi hazoba igihe c'umubabaro utigeze kubaho, uhereye igihe amahanga yabereyeho, ukageza ico gihe. Arikw ico gihe umuntu wese wo mu bgoko bganyu azoboneka ko yanditswe mu gitabo azorokoka. Kandi benshi bo mu bazoba basinziriye mw ivu hasi bazokwikangura, bamwe bikangurire ubugingo budashira, abandi bikangurire ubumaramare n'ibiteterwa bitazoshira. Kand' abagize ubgenge bazokayangana nk'ugukayangana kwo mw itazanure ry'ijuru, n'abashikanye benshi ku bugororotsi bazokwaka nk'inyenyeri ibihe bitazoshira.
Daniyeli 12:1-3
Dr.Martin Ndayizeye
ntankunda nkora ivyiza ahubwo nkora ivyiza ankunda.
Ndanezerewe kubera Yesu.
Nawe?
umwana w'Imana ni uwizera ko Yesu ari Kristo. Kuva ndabimenye naravyizeye. Nawe ????
Uyu mutama yavuze ukuri. Yubahwe
Click here to claim your Sponsored Listing.
Category
Contact the business
Telephone
Website
Address
Rn1
Bujumbura
SANS