Natural Health Shop.

Natural Health Shop.

Share

Amagara aramirwa, ntamerwa.

18/11/2025

AKAMARO K'UBURO(Eleusine)

🔰Itanguriro 1:29
Imana irababgira, it'Ehe ndabahaye ivyatsi vyose vyama utubuto biri kw isi yose, n'igiti cose cama ivyamwa birimw' imbuto zavyo: bibabere ivyo kurya vyanyu.

1⃣"Reka ivyo kurya vyawe bikubere umuti,kandi umuti wawe ukubere ivyo kurya."Hippocrate,Medecin grec
✅Waruziko uburo butera kugira ubwenge(sagesse)!
✅Bugatuma umuntu agira amenyo meza umushatsi, inzara z’amano n’iz’intoki nziza
✅Bugakingira uruhu kuko kuko bufise Vitamine B3(ariyo yitwa Vitamine PP)
✅Burinda umwingo kuko bufise iode,
✅Bwongereza amaraso kubera bufise icunyunyu ca fer
✅Nibwiza ku barwaye igituntu
✅Bufasha mu kurinda ingwara zo mu ngingo
✅Bufasha ubwonko gukora neza,niyo mpamvu bukenewe cane ku bantu bakoresha ubwenge cane
✅Burakenewe ku bavyeyi bibungenze
✅Bukingira cancer
✅Abantu bafise ikibazo c’amara n’umushish*to bidakora neza,bakeneye gufata uburo
✅Nibwiza kabashaka kugira ibiro biri ku rugero rwiza
✅Ubushakashatsi bwakozwe bwerekana ko uburo bufasha kugabanya igipimo c’isukari mu maraso (insuline na glucose) bityo abantu bagwaye diabete bakaba bagirwa inama yo kurya umutsima canke kunywa ubuyi bw'uburo
✅Abagwaye umushish*to, n’abakunda kugira ikibazo co kugumbiza
✅Burwanya bacteries zo mu kanwa,bugatuma umuntu adashobora kugira impumuro mbi mu kanwa
✅Buhagarika gucibwamwo no kuyorwa
✅Butunze amavitamine: Vitamine B1, B2, B3, Fosphore, Cuivre,Magnesium,Fer, Silise,Fluore, Manganèse, Zinc, isukari ndetse n’amavuta.
✅Butuze indemamubiri (proteines), glucide, fibres n’ibindi nka méthionine, leucine na isoleucine.

2⃣UKO BUKORESHWA
✅Kurya umutsima w'uburo
✅Kunywa ubuyi
✅Kubwinika ukaburya bwazanye imigera naho uba wungutse cane.

🔰IBIKENEWE VYOSE IMANA YARABIREMYE.
https://whatsapp.com/channel/0029VbBmKWyJZg3ywcg7ao41

Photos from Natural Health Shop.'s post 07/11/2025
06/11/2025

ICANDA,UMUTI W'IGITANGAZA!
(Bidens Pilosa)

🔰Imigani 16:4
Uhoraho yaremye ikintu cose ngo kigire ico gikora.

✅Ugwaye umusonga: Uhekenya amababi 3 canke 4 mu gitondo no
kumugoroba,ukabikora ukwezi 1
✅Icayi c'icanda kiravura igitigu,amafyigo,anywa ikirahuri 1 mugitondo no kumugoroba,ukarangiza ukwezi
✅Ubwandu bwo mu nzira z’umwanda muto (blennorragie:gonnorrhea)Uvanga umukamato w’amababi y'icanda mw'ilitiro 1 y’amazi ashushe,
Ukanywa ibirahuri 4 ku munsi
Ukabikora iminsi 5.
✅Ibisebe: usekura icanda ugakanyurira ku gikomere,bituma igikomere cuma ningoga.
✅Ubushe: ufata umukamato w’amababi asekuye ukayahomera kubushe.
✅Ibihushi :Ufata ifu y'icanda ukamemerako kenshi
✅Kuva imyuna: ushira uwo muti mu zuru.
✅Wariye ishano (intoxications alimentaires)
Unywa icayi c'icanda ikirahuri,uwundi ukamwina iyo ari umwana
✅Urwagasha (pancréas):Uteka icanda na romarin mw'ilitiro 1 y'amazi, ukanywa ico cayi, itasi 3 ku musi
✅Ingwara zo mu matwi: baravuguta amababi y'icanda hanyuma bagakanyira mu matwi amama 3 mu gutwi kumwe kumwe bigakorwa 3 ku musi.
✅Inkorora y'akanira, ukorora utaronka igikorwa:Ufata icanda n'umuravumba ukabitekera mu mutoto hanyuma ukotsa, bihiye ukavuguta ukanywa umutobe ukanyemwo 3 ku musi.
✅Icanda bararikoramwo anesthésie locale: Muri Nigéria basya imbuto zaco ari vyo bifashi canke bakaziturira, umunyota wazo bakawukoresha mu kubuza umuntu ko ababara bariko bamuvura aho amerewe nabi canke igikomere; ifu y'izo mbuto barayikoramwo kandi n'amasabune yica imigera y'indwara (savons désinfectants)
✅Abagwaye diyabete baze barihereza icayi c'icanda kuko kirabuza kuduga urugero rw'isukari mu maraso,
✅Ugwaye gucibwamwo: Ufata amababi yumye y'icanda canke ifu y'ayo mababi, ugateka mu mazi nk'icayi: Mw'ilitiro 1 y'amazi abize ushiramwo ikiyiko 1 c'ifu y'amababi y'icanda,ugakorogeramwo isukari kuko nayo irafasha gukiza gucibwamwo ariko umugwayi akize, isukari mvaruganda asabawa kuyireka !
✅Mu bihugu bimwe bimwe barafungura icanda nk'imboga muri Sierra Léone, Libéria, Côte d'Ivoire, Bénin, Nigéria, Cameroun, R.D.C., Kenya, Uganda, Tanzanie, Malawi, Botswana, Zambie, Zimbabwe na Mozambique no mu Burundi, Aha ho iwacu icanda bayigaburira inkwavu n'utubeba turya tw'intungano.
✅Muri Afirika yo hafi y'ubugararwa bwa Sahara, baranikira amababi y'icanda akwuma hanyuma bakazoyafungura mu gihe c'inzara. Baragikoresha nk'ibirungo mu masosi. Baranikira amababi bakayasya bakabika ifu bazoza barakoresha mu gihe c'ici.
✅Amababi y'icanda atunze ivyunyunyu vyinshi (Fe), kalisiyumu (Ca) na zink (Zn).
✅Etc...

IMANA NTACO ITAKOREYE UMUNTU🙏

https://whatsapp.com/channel/0029VbBmKWyJZg3ywcg7ao41

21/10/2025

IGITANGAZA CA GINSENG.

👉Ginseng izwi nk'Umwami w'imiti.Abagiriki bo bayise panax ginseng bisobanurako ivura ingwara hafi zose.
Akaba ari igiterwa ahanini kimera muri Asie,Koreya,Canada...
👉Akamaro kumuzi wico giterwa ntawokadondora ngo akarangize!n'igiterwa c'igitangaza!
✅Itera kuramba
✅Irwanya umuhangayiko(stress)
✅Ituma ubwonko bukora neza niyo mpamvu ikenewe cane kubanyeshure nabakoresha ubwonko cane(Concentration et la mémoire)
✅Yongera umubiri inguvu igafasha cane abahora bumva barushe cane(fatigue) ariyo mpamvu ikenerwa cane kuba sportifs nabakora akazi k'inguvu nyinshi
✅Yongera ubudahangarwa bw'umubiri
✅Ikaba n'umuti mwiza kububatse
✅Abagabo bayihereza bagira intanga zikwiye kandi nziza,bagashobora n'amabanga y'abubatse bitagoranye
✅Abagore nabo bayihereza bagira ubushaka bukwiye
✅Ikaba mumiti ivura ubugumba k'umugabo no k'umugore
✅Igabanya ikinure kibi mumaraso
✅Ikagwanya pararize
✅Numuti w'igitangaza w'umutima kuko ivurira icarimwe umuvuduko urenze na muke(Régulateur de l'hypertension et hypotension)
✅Ikaba n'umuti mwiza kubagwaye Diabete
✅Irwanya kanseri
✅Ikarinda ingwara z'igitigu n'amafyigo
✅Yongera amaraso
✅Ikavura n'abahorana ikibazo co kumeneka umutwe(migraine...)
✅Ikaba umuti kabuhariwe wa perte de mémoire(gutakaza ubwenge rimwe narimwe) iyo uyifatanije na Ginkgo

UKO IKORESHWA:
✅Akayiko gato mumazi ashushe canke mubuyi
✅Iyo ari ibinini ukoresha 2 mugatondo n'inyuma ya sisita
⚠️Irabujijwe k'umugore yibungenze n'umwana muto
https://whatsapp.com/channel/0029VbBmKWyJZg3ywcg7ao41

30/06/2025

Mauvaise habitude à eviter dès maintenant!

23/06/2025

IGITANGAZA CA ARTEMESIA ANNUA!

🔰Uhoraho yaremye ikintu cose ngo kigire ico gikora.
(Imigani 16:4)

🔹 ARTEMISIA ANNUA n'igiterwa kitamenyerewe n'abantu ariko Ubu kiriko kiramenyekana kubera akamaro gifitiye amagara y'abantu.

🔹 Ico giterwa catanguye gukoreshwa nk'umuti kuva kera muri "Antiquité" mu bihugu bikanye vya Aziya, Amerika n'Uburayi. Ariko ico twobabwira n'uko nko mu Bushinwa , ico giterwa kiraharangwa; bagitaziriye: Armoise Chinoise

🔹 Mu Bugiriki: i Efeso, kubera bagikoresha cane mu kuvura indwara z'abakenyezi n'abigeme, bagitaziriye izina bita imana yabo: Arutemi (Ivyakozwe n'Intumwa 19:35)

🔹 ARTEMISIA ANNUA n'igiterwa kivura (plante médicinale) kimera cane cane ahantu hakanye (zones tempérées) ariko n'ahakanye bisanzwe (zones tropicales humides de montagnes, intertropicales) na ho nyene kirahaba.

🔹Gikura gushika ku metero zitatu z'uburebure kandi gikunda gukura kiri mu bindi. Ntikivomerwa kuko gica cuma, gifashwa gusa n'amazi y'imvura. Gifise amababi matomato mugabo menshi; ni nayo bakoresha mu kuvura. Mu kugitera, ushobora kubiba imbuto canke ugatera ikigegene kurya batera imyumbati.

🔹 Muri Afurika, ico giterwa catanguye kugeragezwa mu gihugu ca Repubulika Iharanira Intwaro rusangi ya Kongo (R.D.C), ubu Leta yaramaze kwemeza gukoresha ico giterwa mu kuvura indwara ya Malariya canke paludisme.

🔹 Ubu kiramaze gushika mu turere tutari duke two muri Afurika yo Mu biyaga binini (Région des Grands-Lacs).N'aha iwacu Burundi caramaze kuhagera.

👉INDWARA KIVURA :

✅️ MALARIYA : Igihe umuntu arwara Malariya kenshi akivuza ikanka guhera, Artemisia Annua ni inyishu kuri we.
👉 Fata ilitiro 1 y'amazi ashushe yisuke kuri garama 5 z'amababi yumye, ntucanire ico cayi, reka bimare iminuta 15 hanyuma uminine.
👉Umuntu akuze anywa (12ans et plus) : itasse 3 kumusi
👉Umwana (1-11ans) anywa igice.

✅️UBUTINYANKA(Règles): Kirahagarika ubutinyanka bubabaza cane no kubushira ku rugero rwiza.
👉Utegura nko kuri malariya.

✅️UBUBABARE BWO MU NGINGO
👉Utegura icayi ca artemisia kirungishijwe ubuki.

✅️GUTAKAZA AKAYABAGU
👉Utegura nko ku bubabare bwo mu ngingo.

✅️SIDA : Icayi ca Artemisia Annua kirongereza ubushobozi mu kurwanira umubiri ku bagendana umugera wa SIDA.
👉Kunywa icayi ça Artemisia Annua imisi 10 ku kwezi ku kwezi vyongerereza abasoda inkomezi.

✅️HÉMORROÏDES, INYONKO, AMACINYA:
👉Teka ifu y'amababi yumye y'artemisia Annua, ufate ikiyiko 1 ugishire muri litiro 1 y'amazi ucanire 10min , ugaterurira hasi bikamara iminuta 10 hanyuma ukaminina. Ukirirwa uranywa mu bihe bitandukanye biravura izo ndwara twavuze aho hejuru.

✅️IBICURANE, KUMENEKA UMUTWE
👉Teka Icayi c'amababi yumye canke mabisi ya Artemisia Annua hanyuma ca ufata uburengeti wiyubikire iminuta 20 gushika kuri 30 uza urakwega umwuka n'amazuru n'umunwa gushika ubire icuya. Urakira neza.

✅️AMASO (infections oculaires):
👉Teka 20g z'amababi mabisi canke 5g y'amababi yumye ya Artemisia annua muri 200ml y'amazi iminuta 5, minina. Fata agatambara kera uze urakozamwo uhomeka ku maso ukagumizako 10min ukabikora gatatu ku musi.

🔰IBIKENEWE VYOSE IMANA YARABIREMYE.

https://whatsapp.com/channel/0029VbBmKWyJZg3ywcg7ao41

Want your business to be the top-listed Beauty Salon in Bujumbura?
Click here to claim your Sponsored Listing.

Telephone

Website

Address


Avenue Muyinga à Côté De BAHAI
Bujumbura

Opening Hours

Monday 07:00 - 22:00
Tuesday 07:00 - 22:00
Wednesday 07:00 - 22:00
Thursday 07:00 - 22:00
Friday 07:00 - 17:00
Sunday 07:00 - 22:00