Isaac EJO HEZA

Isaac EJO HEZA

Share

Contact information, map and directions, contact form, opening hours, services, ratings, photos, videos and announcements from Isaac EJO HEZA, Health/Beauty, Ndayiragijeisaac127@gmail. com, Bujumbura.

13/11/2025

Ico utar'uzi mu burongozi
INYIGISHO
Ishimikiro : “Nubwo woba uri mu kuri, ntibisigura ko uwundi ari mu makosa.”

Intangamarara

Mu buzima, turakunda kwiyumvira ko ukuntu tubona ibintu ari ko ari ukuri kwonyene. Iyo twiyumvira gutyo, biroroshe cane kwemeza ko abandi bose bibesha igihe batabona ibintu nka twe. Ariko iyi nsiguro iraduhamagarira gutahura ko abantu bashobora gutandukana mu vyiyumviro, kandi bose bakaba bari mu kuri bivanye n’aho bahagaze, ubumenyi bafise, canke ivyo bariko baracamwo.

I. Muri rusangi

1. Ukuri kwumvikanisha abatandukanye
- Umuntu ashobora kuba ari mu kuri biciye ku buryo abona ibintu, ariko uwundi nawe ashobora kuba yabibonye ukundi, ariko atari mu makosa.
- Bibiliya ivuga iti: " ... Umuntu wese ni yihutire/anyaruke kwumva, ariko atebe kuvuga, atebe kuraka:"
(Yakobo 1:19)
Aha iyo uhaye uwundi umwanya mu kumwumviriza, miganira neza, ntimushwana.
2. Gutahura abandi si ukubemerera vyose
- Kwumviriza ico abandi bavuga no gutahura aho bava ntibisigura ko wemeye ivyo bavuga, ariko ni ukwubaha uburyo bwabo bwo kubona ibintu.
- Ivyo navyo vyubaka amahoro, ukwuzuzanya, n’umubano mwiza.

3. Ukuri si kumwe, uburorero ni bwinshi
- Igituma abantu batabona ibintu kumwe ni uko ubuzima bwabo butandukanye: ivyo babayemwo, ivyo bize, canke aho bari.
Imigani 11:14:* *"Aho ata nama zihari, abantu barahanantuka..."*
Ahabuze abarongora b'ubgenge abantu barahenebera (barahona), Ariko mu nama ya benshi habonekamw' amahoro.
Kandi ahatagira inama imigambi irapfa, ariko mu bajanama benshi irakomera. (Imigani 15:22)

- Nk’uko umuntu araba igiharuro 6 akabona 6, uwundi akabona 9, nta n’umwe yibesha, ahubwo ni aho bahagaze hatandukanye.

II. Inyigisho mu bijanye n’uburongozi

1. Umurongozi mwiza ntiyemeza gusa, ahubwo arumviriza
- Mu burongozi, kwiyumvira ko uri mu kuri vyonyene bishobora gukomeretsa abandi, bikagabanya ukwitanga n’umwumvikano mu bantu. Ivyiyumviro vyabandi ni ngirakamaro.

25/05/2025
06/03/2025

Travaillez beaucoup pour récolter la satisfaction. Car, comme Monsieur N. Isaac le dit, on connaît beaucoup dans un domaine où on travaille.

Quant à vous, Isaac à - t - il raison ?

25/02/2025

Gira umwete mu migambi yawe atar'uko gushika biri kure nk'umuzi w'icuma.

# ISEHE

Photos from Isaac EJO HEZA's post 29/11/2024

Ku ncuro yiwe ya kabiri ajabutse igihugu yerekeza mu Buganda

Abarundi barayamaze ngo " Akanyoni katagurutse ntikamenya iyo bweze kandi ngo "Ubwenge buva i muhana"

Nijimbere Fabrice, umwe mu bari bizewe mu mwaka wa 2022 mu kwezi kwa Kigarama ngo aserukire urundi rwaruka muri mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya, akaba avuka mu Ntara ya Bujumbura Komine ya Kanyosha, ndetse akaba asanzwe afise n’impamyabushobozi ya Kaminuza y’Uburundi mu gisata c’icongereza mu bijanye no guhindura indimi bita “Translation” mu congereza ubu akaba ariko arabandanya igice ca kabiri ca kaminuza mur'ico gisata nyene.

Atumiwe na Pastor Paul Musisi akorana na "Caring Heart Breakthrough Ministries", Fabrice agiriwe amahirwe yo kwitabira ihuriro ngarukamwaka ry’ibihugu vy’abizera ba Bibiliya rizoba kuva igenekerezo rya 01 kigarama 2024 kugeza ku rya 08 kigarama 2024 guhera isaha imwe zo mugitondo kugeza isaha cumi na zibiri z'umugoroba mu karere kitwa " Caring Heart Kagula Hill Wakiso".
Tubibutse kandi ko, afadikanije n’ urundi rwaruka bagenzi biwe, yuguruye imbuga hwaniro za Facebook (LongLifeLearnears) na YouTube: https: //you. Tube/crodlatOy-4,
Agira ati: “ Igitigiri nyamwinshi c’abantu, ntibasoma, twaciye tugira icipfuzo co gukora urubuga hwaniro (Page) kugirango rube urwo gucishako ivyiyumviro bitandukanye, cane cane ibijanye n’ubumenyi butandukanye bushobora gufasha umuntu uwo ariwe wese adukurikirana mu kintu ico arico cose akora”. Avuga ko gushika iki gihe, urubuga rwabo barucishako amajambo aba yaravuzwe n’abantu agakundwa cane, ariko ngo bakayacishako babanje kuyasobanura mu rurimi abarundi bashobora gutahura anakozwe nk’agafoto.
Bacishako kandi amasanamu yo kwigisha icongereza, bahereye ku rugero rw’abagitangura kwiga icongereza, canke ku muntu yagiye araciga mu buryo bwo gutoragura utuntu impande zose atarutonde rurimwo.

Tukaba twiteze ko no murugendo arimwo mu Buganda afise ico bigiye kumushikanako.

Hari akajambo wovuga kuri Fabrice Nijimbere?

Photos from Isaac EJO HEZA's post 25/11/2024

Gusotōra/kunyonora navyo n'inkwezi y'amarere

Igihe cose uzokora ikintu urama wiyumvira inkurikizi yaco, niyaba ari mbi uyihoze, uyireke naho niyaba ari nziza uyikomeze, uyibandanye.

Akenshi haraho dukora ibintu bikagenda neza nk'uko tuba twari tuvyiteze ariko iyo ikintu ugikoze nabi kiraheza kigatanga umusaruro mubi ( umwimbu mubi).

Akarorero tworabirako n'ako gufyatura/kubumba amatafari: iyo ufyatuye itafari ukurikije ukwihuta kwawe canke nturyuzuze nk'uko vyategerezwa birangira uronse itafari ribi cane hamwe nawewe bigutangaza; bish*tse ukaba utabibonye imbere y'uko ryuma ng'upfume urisubiramwo, rimaze kwuma rikiri ribi riragushisha no kurimena ukarimena canke ukarikura muyandi. Mur'ico gihe uba waranyonoye ivyondo ryategerezwa guhabwa (uba warigavuye).

Iciyongeyeko iyo amatafari wabumvye uyaturiye, ukayasombesha. Mukuyasomba uraharura iyo rero waharuye nk'ibihumbi icumi uwayagusombeye ugasanga yashikanye ibihumbi indwi birakugora gutahura canke kwibaza ingene ayarenga 2000 yamenekeye mu nzira. Aho rero ntureka kwibaza ko yibwe (yasotowe) naho vyoba atarivyo.

None bish*tse ukavyibaza munyuma ugaca umufata ariko aranyegeza makemake womukorera iki🧏🧏?

Ico womukorera n'ico Imana yakoreye abisirayeli igihe Akani yanyonora ivyagizwe inyegu y'Uhoraho. Vyatumye igihugu cose kigira ingorane kugeza naho bagiye mu ntambara batayitsinda naho baba ari ibihumbi bitatu Ku gihumbi c'abansi babo.
Yosuwa 7:11-12
Ereg' Abisirayeli bacumuye, kuko baciye mw isezerano ryanje nari nabageze kwitondera, bagasotora ku vyagizwe inyegu yanje, bakavyiba, bagatako bakabirenzako, mbere bakabisukiranya n'ibintu vyabo. Ico ni co gitumye Abisirayeli badashobora guhagarara imbere y'abansi babo, bakabinjika ibitugu imbere yabo, kuko bahindutse ibivume.

Usanze weho bimeze gute ? Har'ico utahuye? Har'ico usanze wohindura? Mu gihugu urimwo hoho ntagahaze ?

Imana iturinde iyi Mpwemu yo kunyonora mw'izina rya Yesu.
✍️✍️✍️ ISEHE ISAAC NDAYIRAGIJE 20241125

30/09/2024

# ISEHE : Ibintu bitanu bituma igira umubano wubakitse.

Mubisanzwe abagabo batigeze bahemuka barafise ingene bitwara. Ibi 5 ntibihara:

Warigeze kurambirwa kubona umukunzi mubi? Warigeze uhura n'ubuhemu canke guhemukirwa mu rukundo? Ntushobora kubimenya, ariko hariho itandukaniro riri hagati y'abafasha bahemuka n'abadahemuka.
Mu gihe dukunze kwerekana imico y'abantu igaragaza ubuhemu, muri rusangi ntibisanzwe kwerekana uko umuntu yitwara mu bantu bizerwa. Ariko abantu batigera bahemukira bagenzi babo bafise imico isa ni "ibendera ry'icatsi kibisi". Ng'ibi ibibaranga:

# 1 Bavugisha ukuri kandi kumugaragaro:
Nkuko urubuga rwa hackspirit ruvyerekana, niba ubonye ko umukunzi wawe avugana nawe kumugaragaro, cane cane kuvyo akeneye, ivyifuzo vyawe , ubwoba n'intege nke zawe , iki n'ikimenyetso ciza mu mubano.

# 2 Kwubaha vyamaho
Kwubaha mububakanye canke mu bari m'urukundo n'urufunguzo rwumubano wuzuye. Umufasha yubaha ni ikimenyetso co kwizerana no kwizigirana. Abagabo bizerwa rero berekana icubahiro muri benshi. Nkwibutse inkingi zine ngengerwako z'abubakanye canke abariko bavyitegurira ni: gusangira, kunezerwa, kwizerana no kuganira tutibagiye amabanga y'abubatse.

# 3 Bashiraho imbibe nziza ntarengwa
Kugirango umubano ukomere mugihe usigaye wuzuye, ni ngombwa umuntu ashireho imbibe nziza. Kugirango ukore ibi, utegerezwa kugirana ibiganiro hamwe n'umukunzi wawe na cane cane kuvyo mwipfuza, ivyo uba ukeneye cane cane kubintu udashigikiye. Abagabo b'intahemuka rero muri rusangi bakomezwa n'imbibe nziza mu mibano yabo. Ariko kugirango ibi bije mu ngiro utegerezwa kubanza kuvyerekana.

# 4 Bagaragaza urukundo rwabo:
N'igiki ciza kuruta umugabo adatinya kwerekana urukundo n'amarangamutima yiwe ? Iyo umukunzi yerekanye urukundo n'inyungu, biciye mu bimenyetso, amajambo n'ibikorwa, ni ikimenyetso ciza ku mubano w'abubakanye.

# 5 Bemera amakosha yabo:
Mu mibereho isanzwe mu bagabo bizerwa, dusanga kwemera amakosha yabo biza imbere.

Ubivugakw'iki nawe?
✍️✍️✍️ # ISEHE

11/09/2024

Uraraba ntururwemwo urwita ikiziba !!

11/09/2024

Ukaza wumva ngo : ingene ameze aranyica, mwagera mu rugo ugasanga n'ai inyondwi zumiye kurusato.

Ntaco mvuze

25/08/2024

🙈Babasengera kwinshi.

Ukaza wumva ngo humiriza dusenge. Kubwawe, uw'uri wese, ubonye uwuriko asengerwa mur'ubu buryo wokor'iki?

Ahanje ndakivuze: sinovyogumizamwo sinoba mpindutse akabati.

19/08/2024

Murandabira neza basho ko Grâce na Éric boba bari hafi ico mbibariza.

26/05/2024

Warubizi ? Icara wige Niho iri.

Want your business to be the top-listed Beauty Salon in Bujumbura?
Click here to claim your Sponsored Listing.

Category

Telephone

Website

Address


Ndayiragijeisaac127@gmail. Com
Bujumbura