RNATB - Antenne Kayanza

RNATB - Antenne Kayanza

Share

Réseau National des Associations des Tradi-Praticiens, antenne Kayanza

Photos from RNATB - Antenne Kayanza's post 09/07/2022

Kuri uyu wa gatanu, Jean Claude Ngabonziza arongoye urunani rw'amashirahamwe y'abavuzi k**a mu ntara ya Kayanza ari kumwe na Sylvestre Minani ajejwe iterambere ry'amagara y'abantu,isuku n'isukura muri iyo ntara baragendeye ibigo n'ubudandarizo bw'imiti k**a mu gisagara ca mu ntumbero yo kuraba ko ababikoramwo bakora bisunze amategeko agenga abavūzi k**a mu .

Bakaba basanze ivyo bigo n'ubwo budandarizo vyarateye intambwe ishimishije. Bakaba basavye benevyo guhora bakora bisunze amategeko abagenga mu ntumbero yo gutunganiriza neza ababitura.

Photos from RNATB - Antenne Kayanza's post 04/07/2022

Inyuma y'ibirori vyabereye kuri stade , abavūzi k**a bo mu barasangiye akavunamusase.

Claude Ngabonziza abarongoye mu ntara ya Kayanza yamenyesheje ko hambavu y'uko bikukiye nk'abandi barundi, umwuga wabo wikukiye ukundi uwu mwaka, kuko ngo ari irya mbere bagiye mw'idefire nk'abandi.

04/07/2022

Abavūzi k**a bo mu ntara ya nabo ntibatanzwe kwifatanya n'abandi banyakayanza mu birori vy'ukwigina imyaka 60 iheze Uburundi buronse intahe y'ukwikukira. Aho ku rwego rw'intara ya Kayanza vyabereye kuri stade .

15/06/2022

Waruzi ko?
⭕ Isederi rifasha gukomeza imitsi isubiza amaraso mu mutima gutyo rikagwanya rya vyimba ry'iyo mitsi bita varices no kuvura indwara yo kuvyimba kw'udutsi two mu gisusu, imwe bita hémorroïdes ;

⭕ Rifasha kandi uruhago(vessie) gukora neza gutyo umukoyo ugasohoka neza;

⭕ Rifasha kuvura indwara zo ku rukoba nko kuvyimba, uburima,...;

⭕ Ku bantu bafise imyaka yegeye imbere cane cane abakenyezi riravura kuva amaraso mu gitereko,

⭕ Rifasha kandi kuvyimbura agasaho k'uruziri rw'intanga ngabo (prostate);

⭕ Iravura kandi ubwandu bwo bihimba bicamwo umukoyo,

⭕ Riravura kandi indwara zo mu bihimba vy'ubuhumekero.

Isederi rikoreshwa ivyatsi canke imbuto zaryo. Ushobora kunywa amazi yaryo canke ukayicaramwo.

Photos from RNATB - Antenne Kayanza's post 12/06/2022

Abagize urunani rw'amashirahamwe y'abavuzi k**a mu ntara ya (Réseau National des Associations des Tradi-Praticiens du /antenne Kayanza) bakoraniye mu gisagara ca Kayanza kuri uyu w'Imana mu ntumbero yo kwitegurira guhimbaza isabukuru y'imyaka 60 y'ukwikukira kw'Uburundi, umusi usanzwe uhimbazwa igenekerezo rya mbere mukakaro uko umwaka utashe .

Iyo nama yabaye na karyo kuri Jean Claude Ngabonziza arongoye urwo runani mu ntara ya Kayanza ko guhamagarira abavūzi k**a bo mu Kayanza bose gukora bisunze amategeko mukurondera ibibaranga bikwiriye vyemeza ko ari abavūzi k**a, hamwe no kugwiza ibiti n'ivyatsi bisanzwe bivura. Yabatumiriye kandi gukorana neza no kwuzuzanya.

Jean Claude Ngabonziza yanabasavye kutaza baravura indwara y'igituntu ahubwo ko uwobitura agwaye iyo ndwara bomurangira ku mavuriro ya Reta akaba ariyo aja kwivurizako kugira akurikiranwe neza, mu ntumbero yo gufasha Reta kurandurana n'imizi iyo ndwara.

Want your business to be the top-listed Beauty Salon in Kayanza?
Click here to claim your Sponsored Listing.

Category

Telephone

Website

Address


Musave
Kayanza