SR Tv

SR Tv

Share

20/11/2025

"KUVYARA KURUGERO N'ICAHA ??"

Ng'iyi inyishu ziza kubakunda kwibaza iki kibazo.

Insiguro y'amajambo :
1/ Kuboneza uruvyaro: kuvyara kurugero/gutandukanya imvyaro
2/Igihe c'uburumbuke: igihe c'agasamo
3/kubara: Guharura
4/ Umugabo w'umusinzi: umugabo w'imboregwa

26/09/2025

Agashimwe karategekanijwe kuwutora kino kibazo.

"CONTRACEPTION" mukirundi ni?

21/08/2025

Vrai ou faux !?🤷

04/08/2025

"Ibihimba vy'irondoka bikora kububakanye gusa. Nahone mugihe co kurondoka"

Niko Padiri avuze 😐

30/07/2025

Muganga n'ukuri ntaburyo twojako kuko turakijijwe. N'icaha.
Kuva tubana dukoresha 72 h 🙄

Iyi couple muyibwiye iki??

Photos from SR Tv's post 10/05/2025

💥Bujumbura : ANASAF-KIRA MAMA.

Kar'akanyamuneza kadasanzwe kur'uyu wa gatandatu Rusama kubanonosoye ivy'irondoka rijanye n'amagara meza ( sage-femmes) bahurikiye mw'ishirahamwe ryabo kugwego gw'igihugu (ANASAF-KIRA MAMA); aho bari baramutse bahimbaza umusi mukuru mpuzamakungu wahariwe abanonosoye ivy'irondoka rijanye n'amagara meza (sage-femme) usanzwe uhimbazwa buri mwaka itariki 5 Rusama.

Bimwe muvyaranze ivyo birori hakaba harimwo gutanga amaraso, gutanga impapuro z'iteka kubitanze kurusha kugira iryo shirahamwe ribeho.

Ibirori bikaba vyari vyatewe iteka n'Icegera c'uwujejwe ivy'ubuhinga mu kigo c'igihugu kijejwe ivy'irondoka rijanye n'amagara meza (PNSR) kw'izina ry'ubushikiranganji bw'amagara y'abantu, abaje baserukira amashirahamwe mpuzamakungu OMS Burundi, UNFPA Burundi na ONU_femme Bururndi.

Muvyo yashikirije, IYIZIRE Emelyne arongoye akongera agaserukira imbere y'amategeko ANASAF Burundi harimwo gushimira vy'imvamutima abasanzwe bashigikira ibikogwa vy'iryo shirahamwe nka Croix-Rouge Burundi , Auxfin, France Lait n'abandi. Akanibutsako iyo aba Sage femmes bari mu bitaro n'amavuriro bitandukanye vyo mugihugu bigabanya ibitigiri vy'abakenyezi n'abana batakaza ubuzima mugihe n'inyuma vyo kwibaruka gushika kurugero gwa 90%. Agasaba l'ETA gushigikira aba Sage femmes.

Abenshi mubafashe amajambo ntibibagiye kumenyesha no kwibutsa ko muri EAC, aba sages femmes bo mu Bururu

Ikoraniro rukokoma ry'aba Sages femmes bo mu Burundi 26/12/2024

Irabire wongere wiyumviririze amasanamu n'amajambo vyaranze ikoraniro rukokoma ry'aba Sages femmes bose bo mu Burundi ryaraye ribaye kur'uyu wa mungu igenekerezo rya 22 Kigarama 2024 aho bari baramutse bitorera indongozi zigiye guhagararira imbere y'amategeko ishirahamwe rishasha kandi rimwe rukumbi kugwego gw'igihugu ANASAF Burundi ( Association Nationale des Sages Femmes du Burundi)

Subscribe!🙏

Ikoraniro rukokoma ry'aba Sages femmes bo mu Burundi

Photos from SR Tv's post 23/12/2024

🥰Kur'uyu w'Imana igenekerezo rya 22 Kigarama 2024 , mu nyubakwa y'amakoraniro Iri mukigo ca Kaminuza nderabavuzi INSP haraye habereye ikoraniro rukokoma ry'aba Sage-femmes bose bo muburundi.

Intumbero y'iryo koraniro ikaba yari ukwitorera indongozi zigiye guhagararira ishirahamwe rimwe ry'aba Sage-femmes kugwego gw'igihugu ANASAF Burundi (Association nationale des Sages femmes du Burundi)

🥰IYIZIRE Emelyne yaraye yizewe ngo azohagararire imbere y'amategeko iri shirahamwe, yamenyesheje ko mu Burundi hari hasanzwe hari amashirahamwe ane yemewe n'amategeko y'aba Sages-femmes. Bishimikije icivugo ca NYEN'ICUBAHIRO Umukuru w'Igihugu " TURIKUMWE TWESE BIRASHOBOKA" bipfuje guhurira mw'ishirahamwe rimwe kugira bashire inguvu hamwe muntumbero yo guteza imbere umwuga w'aba Sages femmes kuko ngo vyagaragara ko amashirahamwe yarahasanzwe vyayagora guteza imbere uwo mwuga kuko rimwe ryose ryakora kugiti caryo.
Akaba yemereye abamwizeye ko, hamwe na Comité yizewe, bagiye gukosora utunenge twagiye turigaragaza muri kahise kumwuga w'aba Sages femmes bo mu Burundi, ndetse no gukora ibishoboka kugira Imigambi mishasha n'iyarihasanzwe ishigwe mungiro gutyo umwuga w'aba Sages femmes uter'imbere.

🥰Mumajambo yabo ,Dr Ananie NDACAYISABA arongoye umugambi w'Igihugu ujejwe ivy'irondoka rijanye n'amagara meza PNSR na NDUWARUGIRA Thérence yaserukiye FNUAP Burundi ; nk'abari bahagarariye ibikogwa vy'iryo koraniro, babakeje bongera banamenyesha ko bashimishijwe n'intambwe aba Sages femmes mu Burundi bateye kandi ko bagiye gukorana nabo vyoroshe kurusha uko vyahora gutyo umu Sage femme wese wo mu burundi yigaragaze muntumbero yo guterera muburyo buboneka mugutezimbere amagara y'umuvyeyi n'ikibondo.

Nayo aba Sages femmes bari bitavye iryo koraniro bakamenyesha ko bahimbawe n'uko bagiye guhurira mwishirahamwe rimwe kuko cari kimwe muvyo bipfuza kandi bizeye ko inzego bitoreye zizobafasha gushika kwiterambere ry'umu sage femme wese wo muburundi, umwuga muri rusangi.

25/09/2024

Ico Gabriel RUFYIRI asaba l'ETA n'abarundi muri rusangi👏👏

# umukubitotv

06/07/2024

‼️UMUKUBITO TV
Pilule-72h , ivyago kubigeme😒

06/07/2024

‼️Kuber'iki impuissance sexuelle muba jeunes ??🙆

Wuuumve wuuumve !

Want your business to be the top-listed Beauty Salon in Rohero?
Click here to claim your Sponsored Listing.

Category

Telephone

Website

Address


Rohero